KORINTO RYA MBERE 14

1Mwirukire urukundo. Yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, canecane kuvugishwa n'Imana. 2Uvuga ururimi rutamenyekana si abantu abarira, ariko abarira Imana, kuko ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga. 3Ariko uwuvugishwa n'Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n'ivyo kubahanura n'ivyo kubirura. 4Uvuga ururimi rutamenyekana ariyubaka, ariko uwuvugishwa n'Imana yubaka ishengero. 5Nagomba ko mwese muvuga indimi zitamenyekana, ariko ikirushiriza, ko muvugishwa n'Imana. Uwuvugishwa na yo aruta uvuga indimi zitamenyekana, kiretse yobisobanura, kugira ngo ishengero ryubakwe. 6Ariko none, bavukanyi, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, canke ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n'Imana, canke kwigisha? 7Kandi n'ibidafise ubugingo biri n'amajwi: umwironge iyo udatandukanije ijwi, canke inanga, bomenya bate irivuzwa canke iricurarangwa? 8Kandi n'inzumbeti yovuga ijwi ritamenyekana, ni nde yokwitegura gutabara? 9Namwe ni uko, ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga? Kuko muzoba muvuga ibitwarwa n'umuyaga. 10Amajwi yo mw'isi, naho ari menshi ate, nta ridafise uko risobanurwa. 11Nuko iyo ntamenye uko ijwi risobanurwa, uno avuga mba ndamubereye uwudebagura, kandi nanje, uno avuga aba ambereye uwudebagura. 12Namwe ni uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza. 13Nuko uwuvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngo ahabwe kubisobanura. 14Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, ariko ubwenge bwanje buragumbaha. 15Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n'ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n'ubwenge. 16Iyo ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbega uri ku ruhande rw'abatungu yoshobora ate kuvuga ati: "Amina, ni waheza gushima, kandi atamenye ico uvuze?" 17Ni ukuri ku bwawe ushima neza, ariko wa wundi ntakomezwa. 18Nshimira Imana yuko ndabarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana. 19Ariko mw'ishengero nopfuma mvugisha ubwenge bwanje amajambo atanu, kugira ngo nigishe n'abandi, hako mvuga amajambo ibihumbi icumi mu rurimi rutamenyekana. 20Bavukanyi, ntimube abana mu bwenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bwenge mube abagabo. 21Mu vyagezwe handitswe, ngo nzovuganira n'ubu bwoko mu kanwa k'abavuga izindi ndimi no mu kanwa k'abanyamahanga, ariko naho nzovuga ntyo, ntibazonyumvira, ni ko Uhoraho avuze. 22Ni co gituma indimi zitamenyekana zitabera abizera ikimenyetso, ariko zikibera abatizera. Ariko kuvugishwa n'Imana kwo, ntikubera abatizera ikimenyetso ariko kukibera abizera. 23Nuko ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramwo abatungu canke abatizera, ntibovuga yuko mwasaze? 24Ariko bose iyo bavugishwa n'Imana, hakinjiramwo uwutizera canke umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose. 25Ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; Nuko akubika inda, agasenga Imana, akatura yuko Imana iri muri mwebwe vy'ukuri. 26Ni bite ga bavukanyi? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, canke amajambo yo kwigisha, canke amajambo ahishuriwe, canke ururimi rutamenyekana, canke amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngo abantu bakomezwe. 27Ni haba hariho abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasaga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ubisobanura. 28Ariko ni haba hatariho uwubisobanura, uvuga urutamenyekana acereze mw'ishengero, yibwire, kandi abwire Imana. 29Kandi n'abavugishwa n'Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure. 30Ariko uwundi yicaye ni yagira ico ahishurirwa, uwabanje ahore. 31Kuko mwese mushobora kuvugishwa n'Imana umwumwe, ngo bose bige, bose bahanurwe. 32Impwemu z'abavugishwa n' Imana ziganzwa na bo; 33kuko Imana atari iyo umuvurungano, ariko ni iyo amahoro. Nk'uko bimeze mu mashengero yose y'abera, 34abagore bacereze mw'ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk'uko ivyagezwe na vyo bivuga. 35Kandi ni hagira ico bagomba kwiga, babarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k'umugore avuga mw'ishengero. 36Mbega kuri mwebwe ni ho ijambo ry'Imana ryandurutse? Canke ryashitse kuri mwebwe mwenyene? 37Ni hagira umuntu yiyumvira ko ari uwuvugishwa n'Imana, canke ko ari uwo impwemu, amenye ivyo ndabandikiye yuko ari icagezwe c'Umwami wacu. 38Ariko, namba hari umuntu atabimenye, ntakabimenye. 39Nuko, bavukanyi banje, mwifuze cane kuvugishwa n'Imana, kandi ntimubuze kuvuga indimi zitamenyekana. 40Ariko vyose bitungane neza, birorane.

will be added

X\