KORINTO RYA MBERE 1

1Jewe Pahulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk'uko Imana yagomvye, na Sositene umuvukanyi, " 2turabandikiye mwebwe abo mw'ishengero ry'Imana ry'i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bahamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry' Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n'uwacu. 3Ubuntu n'amahoro bibe muri mwebwe, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. 4Ndashima Imana yanje na ntaryo ku bwanyu, kubwo ubuntu bw'Imana mwaherewe muri Kristo Yesu; " 5kuko muri vyose mwatungiye muri we, mu vyo muvuga vyose, no mu bwenge bwose, 6kuko ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebwe. 7Bituma mutagira ingabire n'imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw' Umwami wacu Yesu Kristo. 8Ni we azobakomeza gushitsa kw'iherezo, kugira ngo ntimuzogawe kuri wa musi w'Umwami wacu Yesu Kristo. 9Imana ni iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n'Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu. 10Ariko ndabinginga, bavukanyi, mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n'ibice ntibiremwe muri mwebwe, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhuje umutima n'inama. 11Kuko nabariwe ivyanyu, bavukanyi banje, n'abo kwa Kilowe, yuko hari imitongano muri mwebwe. 12Ico mvuze, yuko umuntu wese muri mwebwe avuga ati: "Jeho ndi uwa Pahulo;" uwundi ati: "Jeho ndi uwa Apolo;" uwundi ati: "Jeho ndi uwa Kefa;"uwundi ati: "Jeho ndi uwa Kristo." 13Mbega Kristo aragabanijwemwo ibice? Pahulo yarababambiwe? Canke mwabatijwe mw'izina rya Pahulo? 14Nshimira Imana yuko ata n'umwe nabatije muri mwebwe, atari Kirisipo na Gayo; 15kugira ngo ntihagire umuntu avuga yuko mwabatijwe mw'izina ryanje. 16Kandi nabatije n'abo kwa Stefana: atari abo, sinzi ko hari uwundi nabatije. 17Kuko Kristo atantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga ubutumwa bwiza, ntavugishije ubwenge bw'amajambo, kugira ngo umusaraba wa Kristo ntucike ubusa. 18Kuko ijambo ry'umusaraba ku bahona ari ubupfu, ariko kuri twebwe abakizwa ni ubushobozi bw'Imana. 19Kuko handitswe, ngo nzohonya ubwenge bw' abanyabwenge, N'ubuhanga bw'abahanga nzobuhindura ubusa. 20Umunyabwenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihari wo muri iki gihe ari hehe? Mbega Imana ntiyahinduye ubupfu ubwenge bw'iyi si? 21Kuko naho ubwenge bw'Imana bwageze yuko abo isi batazohabwa n'ubwenge bw'isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bw'ivyigishwa. 22kuko Abayuda basaba ibimenyetso, Abagiriki barondera ubwenge, 23ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambwe. Uwo ku Bayuda ni ikigwisha, ku banyamahanga ni ubupfu. 24Ariko ku bahamagarwa, b'Abayuda n'Abagiriki, ni Kristo, ubushobozi bw'Imana, kandi ni ubwenge bw'Imana. 25Kuko ubupfu bw'Imana burusha abantu ubwenge; kandi n'intege nke z'Imana zirusha abantu inkomezi. 26Nimwibuke ihamagarwa ryanyu, bavukanyi, yuko abo ubwenge bw'abantu bahamagawe atari benshi, abakomeye bahamagawe atari benshi, abapfasoni bahamagawe atari benshi. 27ariko Imana yatoranije ibipfu vyo mw'isi, ngo imaramaze abanyabwenge; kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw'isi ngo imaramaze ibikomeye, 28kandi n'ivyoroshe vyo mw'isi, n'ibikengerwa, mbere n'ibitariho, Imana yarabitoranije ngo ititure ibiriho; 29kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y'Imana. 30Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubwenge buva ku Mana, n'ukugororoka n'ukwezwa n'ugucungurwa; 31kugira ngo bibe nk'uko handitswe hati: "Uwirata, yirate Uhoraho."

will be added

X\